Skip to main content

Kirundi

Ingingo ya 275 y’Umurwi w’abahinga b’Afrika ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’ak’abanyagihugu (CADHP) ku bijanye n’ugukinga ugusinzikaza ubuzima n’ubundi buryo bwose bwo guhonyanga agateka k’abantu hafatiwe ku gitsina biyumvamwo [1]Mu gifaransa « identité sexuelle » : Ngaha mu kirundi hakoreshejwe  «igitsina biyumvamwo ko begukira»,  bisigura igitsina ndemanwa ca muntu canke igitsina yumva ko yegukira kandi yemanga … Continue reading ko begukira canke ku mpengamiramutima hamwe n’inganarukundo [2]Mu gifaransa « orientation sexuelle » : Ngaha mu kirundi hakoreshejwe « impêngamiramútima n’inganarukundo vya muntu » bisigura uburenganzira bwa muntu bwo kwumva no kwerekana urukundo ku … Continue reading basanganywe canke bikekwako – CADHP/Res.275(LV)2014. 

Umurwi w’abahinga b’Afrika ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’ak’abanyagihugu (muri uru rwandiko uja kwitwa « Umurwi » muri make), mu nama yawo isanzwe igira iya 55 yakoraniye i Luanda muri Angola kuva kuwa 28 Ndamukiza gushika kuwa 12 Rusama 2014 ;

Wîbukije ingingo ya 2 y’Amasezerano y’Afrika yerekeye agateka ka kiremwa muntu n’ak’abanyagihugu (muri uru rwandiko aja kubandanya yitwa « Amasezerano y’Afrika » muri make) ibuza ivangura rifatiye ku bwoko, ku bisata vy’imiryango (ethnie), kw’ibara ry’urukoba, ku gitsina, ku rurimi abantu bavuga, kw’idini bayoboka, ku vyiyumviro vya politike canke ku bindi vyiyumviro ivyo arivyo vyose, ku gihugu canke umurwi abantu begukira canke baturukamwo, ku rugero rw’amatungo yabo, kuho bavuka canke ku kindi kintu cose boba basanzwe bisangije canke kibaranga ;

Wîbukije kandi n’ingingo ya 3 y’Amasezerano y’Afrika ishinga ko abantu bose bangana ca bugerwe imbere y’amategeko ;

Yîhweje ko ingingo ya 4 n’iya 5 z’Amasezerano y’Afrika zishinga ko ari uburenganzira bwa muntu wese kwubahirizwa ubuzima no kutigera ahohoterwa mu gateka kiwe canke ngo asinzikarizwe ubuzima, kandi zikongera zigashinga ko kizira kikaziririzwa gukorerwa amabi y’agahomeramunwa y’ibihano vy’akarânduramútima canke bitesha agaciro ngenerwabantu hamwe n’ugukubagurwa bunyamaswa ;

Kubêra ko utewe impungenge n’umwitwarariko n’ihohoterwa hamwe n’ayandi mabi anyuranye yo guhonyanga agateka bibandanya gukorerwa abantu mu turere twinshi tw’Afrika bahorwa igitsina biyumvamwo ko begukira kandi bagendera canke bikekwa ko begukira  (identite sexuelle) canke mbere impêngamiramútima n’inganarukundo (orientation sexuelle) bīsânganiwe koko canke bikekwako nyene ; 

Kubera ko iryo hohoterwa ryibonekeza mu buryo bunyuranye burimwo amabi yo « gusambanya abantu ku nguvu kandi ikivunga », ukubakubagura n’ukubasinzikariza ubuzima, ukubagandagura, ukubapfungira ubusa mbere no kubagumiza mu mvuto ata mvo, ubwicanyi ndengerabutungane, ukunyuruzwa no kuzimanganywa amazimáyongo, ukwemezwa ivyaha ku nkoni (extorsion) no kuvyemezwa biciye mu kurementanirizwa no kuremekwa inteba ishushe (chantage) ;

Kubera kandi ko utewe impungenge n’umwitwarariko n’ihohoterwa hamwe n’ayandi mabi anyuranye yo guhonyanga agateka bigirwa n’inzego za Reta n’izitari iza Reta bigakorerwa abishinze guharanira agateka ka zina muntu n’amashirahamwe yigenga akurikiranira hafi muri Afrika ibijanye n’agateka k’abantu bahorwa igitsina biyumvamwo ko begukira kandi bagendera (identite sexuelle) canke impengamiramutima n’inganarukundo (orientation sexuelle) bisanganiwe ; 

Kubera ko utewe impungenge n’umwitwarariko ntangere n’uburyo inzego zijejwe gucungera iyubahirizwa ry’amategeko zinanirwa canke ziyusha gushira umwete ku bikorwa vy’amatohoza n’ikurikiranwa mu butungane ku bagirizwa uguhohotera abandi n’uguhonyanga agateka kabo bigirirwa abantu bahorwa igitsina biyumvamwo ko begukira kandi bagendera canke bikekwa ko begukira  (identite sexuelle) canke impengamiramutima n’inganarukundo (orientation sexuelle) bisanganiwe koko canke bikekwako nyene ;

  1. Uriyamirije ugusinzikaza ubuzima bigenda vyongerekana, hamwe n’irindi honyangwa ry’agateka ka muntu  nk’ubwicanyi, ugusambanya abantu ku nguvu, uguhohotera amagara yabo ari mukubakubagura canke kubaboreza igufa, kubapfungira ubusa, hamwe n’ayandi mabi y’uruhamo bigirirwa abahorwa igitsina biyumvamwo ko begukira kandi bagendera (identite sexuelle) koko canke bikekwako, canke impengamiramutima  n’inganarukundo (orientation sexuelle) bisanganiwe canke bikekwako nyene ;
  1. Urateye ivyatsi kuvy’umwihariko ibitero n’uruhamo bigirwa n’inzego za Reta n’izitari iza Reta kandi bigacagura bikagirirwa  abantu bahorwa igitsina biyumvamwo ko begukira kandi bagendera koko canke bikekwako  (identité sexuelle), canke impengamiramutima n’inganarukundo (orientation sexuelle)  bisanganiwe canke bikekwako nyene ;
  1. Usavye ama Reta y’ibihugu vyemeje Amasezerano y’Afrika gucungera no gukora ibikenewe vyose kugira ngo abishinze guharanira agateka ka zina muntu bashobore kurangura ibikorwa vyabo ata ntambamyi, atakwinubwa, kandi baticura uguhamwa n’ugukurikiranwa mu butungane bahorwa uguharanira agateka ka muntu, harimwo n’uburenganzira bw’inkehwa mu bijanye n’ibitsina biyumvamwo ko begukira n’impengamiramutima  n’inganarukundo bisangije ; kandi, ninaco canyuma :
  1. Usavye ushimitse ama Reta y’ibihugu gutúza yîvuye inyuma no gusezera amabi yose ajanye no guhohotera ubuzima no guhonyanga agateka, ari ayakorwa n’inzego za Reta yo nyene ubwayo canke ayakorwa n’izitari iza Reta, nko mu gushinga no gushira mu ngiro no kwubahiriza mu buryo bubereye amategeko abuza kandi ahasha koko amabi yose, harimwo ayahanamiye kandi acagura abantu bahorwa igitsina biyumvamwo ko begukira kandi bagendera canke bikekwako  (identite sexuelle), canke impengamiramutima  n’inganarukundo (orientation sexuelle)  basanganywe canke bikekwako nyene . Ivyo rero ayo ma Reta uburyo bubereye yokoresha mu kubishikako, ni mu gushinga ko hakurikizwa inzira y’amatohoza abereye no gukurikirana mu butungane bene gukora ayo marorerwa, hamwe no gukurikiza ubutungane buzira kudindizwa mu buryo ubwo aribwo bwose, n’ibihano birenganura kandi vyubahiriza bene gukorerwa amabi.

Iyi ngingo yemejwe n’Umurwi w’abahinga b’Afrika ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu  n’ak’abanyagihugu mu nama yawo isanzwe igira iya 55 yakoranye i Luanda muri Angola kuva kuwa 28 Ndamukiza gushika kuwa 12 Rusama 2014.

References

References
1 Mu gifaransa « identité sexuelle » : Ngaha mu kirundi hakoreshejwe  «igitsina biyumvamwo ko begukira»,  bisigura igitsina ndemanwa ca muntu canke igitsina yumva ko yegukira kandi yemanga naho kitoba ari igitsina ndemanwa (yavukanye),
2 Mu gifaransa « orientation sexuelle » : Ngaha mu kirundi hakoreshejwe « impêngamiramútima n’inganarukundo vya muntu » bisigura uburenganzira bwa muntu bwo kwumva no kwerekana urukundo ku bantu bo mu gitsina yiyumvamwo, ari abo bagisangiye canke abo mu kindi gitsina, maze uko biri kwose ntabihorwe. 

Share